Ibintu ntibyoroshye mu murwa mukuru wa Centrafrique wagoswe n’inyeshamba

Ibintu ntibyoroshye mu mugrwa mukuru wa Centrafrique (RCA/CAR) Bangui mu gihe inyeshamba zagose aka gace, nk’uko bivugwa n’uwahoze ari Minisitiri w’intebe.

Martin Ziguélé avuga ko imisi yose hari intambara mu gihugu cyose kandi ko we ubwite adashobora kuva i Bangui adaherekejwe n’abasirikare.

ONU ivuga ko abantu barenga 200.000 bataye ingo zabo kuva intambara yatangira mu kwezi guheze.

Bibiri bya gatatu (2/3) by’igihugu cyose biri mu gice cy’inyeshamba ubu.

RCA ni kimwe mu bihugu bya Afrika bikennye kandi birangwamwo umutekano muke, n’aho gifite ubutaka bwuzuye amabuyu y’agaciro nka diamand na uranium. ONU ivuga ko hafi igice cy’abanyagihugu bose babeshejweho n’imfashanyo z’abagiraneza.

Ubu inyeshamba zigose umurwa mukuru Bangui ntizemera itorwa ry’ubugira kabiri rya Perezida Faustin Archange Touadéra mu matora yo mu kwa cumi na kabiri, bakaba bashaka ko ava ku butegetsi.

Umurwa mukuru Bangui ucunzwe n’ingabo za leta zifashwe mu mugongo n’ingabo za ONU. Mu ntangiriro z’uku kwezi hatangajwe amategeko yo mu ntambara.

Ziguélé, yabaye uwa gatatu mu matora ashize, avuga ko intumbero ya buri muntu ari uko inzira nyamukuru y’amakiriro hagati ya Bangui amajyaruguru ya Kameruni hakomeza kuba hafunguye.

Yabwiye Reuters kuri terefone ati: “Si nshobora kuva i Bangui…ntaherekejwe n’abasirikare bafite intwaro zikomeye”.

Ati: “wibaze rero abaturage bandi. Ushizeho n’izi ngingo zo kubuza urujya n’uruza mw’ijoro hamwe n’aya mategeko yo mu ntambara – ibintu ntibyoroshe na gato”.

Ziguélé yakiriza yompi impuruza ya ONU isaba ko hakwongerwa ingabo zayo ariko akavuga ko hakenewe mu buryo bwihuta ibiganiro hagati y’impande zombi.

Ati: “Igisubizo cya gisirikare si cyo cyonyine gikenewe kugira ngo ikibazo cy’umutekano, imibereho n’ubutunzi – ikibazo gishobora guta mu kaga iki gihugu kimwe mu bihugu bikennye ku isi kibonerwe umuti”.

Ingabo zagiye gufasha kubungabunga amahoro n’umutekano muri RAC nizo ziri ku rubuga.

Ishami rya ONU rishonzwze impunzi, HCR rivuga ko hafi impunzi 92.000 zahungiye muri Repubulika ya Congo, naho abarenga 13.000 bahungiye muri Kameruni, Tchad na Congo Brazaville. Rivuga ko abandi bahungiye hagati mu gihugu.

Map

Umuvugizi wa HCR i Geneva yabwiye abanyamakuru ko ibitero by’inyeshamba bibangamiye ukwigora no kwakira abantu i Bangui kandi ko abantu benshi bari mu kangaratete.

Uyu muvugizi Boris Cheshirkov avuga ko indwara zihari kandi ko bamwe muri abo bahungiye hagati bemera gutanga umubiri wabo kugira ngo babone uko bakwikora ku munwa.

Inama mpuzamahanga mu karere k’ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) isaba ko intambara zihagarara hanyuma inyeshamba zikabura umugambi wazo wo kugota Bangui”.

Iri shyirahamwe CIRGL/ICGLR rihuriyemwo ibihugu 12 rivuga ko iyi ntambara ishobora kubangamira ibihugu by’abaturanyi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Share